Abana babi

21/10/2011 22:34

 

abana babi
yohani na yozefu bali bavuye kuvoma. igihe bataragera imuhira, babona abana batazi bicaye haruguru yabo, barabasuhuza.

abo bana aho kubikiliza, bahagurukana udukoni bali bafite, bakanura amaso, batuka yohani na yozefu. yohani, ati: " yozefu we, tura vuba wiruke, aba bana ni babi, bagiye kudukubita."

babirukaho, tali tali. bigeze aho, yohani aza gukebuka, abona abo bana bituye hasi.
yooo! bite? basitaye ku muzi bikubita ku mabuye, bakomereka hose.

yohani na yozefu bahita bataha, bakira abo bana babi. yohani na yozefu bagize imana!!